Kompanyi y'indege Ethiopian Airlines yamenyesheje mu rwandiko ko indege yayo yari ivuye i Addis Ababa ijya mu Burundi no mu Rwanda, yahungabanijwe n'umuntu "wafashwe n'ibisa nko gusara".
Iryo tangazo rivuga ko "indege
nimero ET817 yari mu rugendo iva Addis Ababa ijya i Bujumbura na Kigali
yamenyesheje ko umwe mu bagenzi yafashwe n’ibisa no gusara, agatera ubwoba avuga ko
afite igisasu mu gihe ingede yari igeze i Bujumbura."
Ethiopian Airlines yakomeje ivuga ko
iyo ndege yururutse neza, abagenzi bavamo mu buryo busanzwe, hanyuma abashinzwe
umutekano bafata uwo mugenzi, ashinjwa guhungabanya umutekano mu ndege.
Iyo kompanyi isoza itangazo ivuga ko ibyo
birangiye, iyo ndege n'abayikoramwo yahise ikomeza urugendo rwayo nk'uko rwari rwateguwe,
igashimira abayikoramo hamwe n'abakora ku kibuga cy’indege cya Bujumbura ukuntu
babyitwayemo.
Amakuru umwe mu bari muri iyo ndege
yahaye BBC Gahuzamiryango ni uko uwo mugabo yateye ubwoba abayirimwo mu kuvuga
ko afite ibiturika kandi agiye guturitsa iyo ndege.
Akomeza avuga ko ibyo bikiba,
hahise bacicikana amakuru ku mbuga nkoranyambaga avuga byinshi kuri iyo ndenge
ndetse bamwe bavugaga ko yari indege ya Kenya Airways, ariko BBC iza kumenya ko
ari iya Ethiopian Airlines, nyuma yo kuvugana n'abakora ku cyicaro cyayo i
Addis Ababa.
Inzego z’umutekano mu Burundi zahise zisohora itangazo ku rukuta
rwabo rwa Twitter zemeza ko ku kibuga cy'indege cya Bujumbura cyitiriwe
Melchior Ndadaye hafashwe "umuntu ukekwaho iterabwoba mu ndege yari ivuye
Addis Abeba".
Ubu ibintu byasubiye uko bisanzwe ku
kibuga cy'indege i Bujumbura, ingendo zikaba zasubukuwe nk'uko bisanzwe.
Src: bbc.com
TANGA IGITECYEREZO